gahunda y'itangazamakuru
13:00 - 13:30
18:00 - 18:29
Amakuru y'Akarere
Uno munsi mu Rwanda hahimbajwe umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe impunzi. Muri Afrika y’Epfo, Umunyarwanda Fulgence Kayishema, aregwa jenoside, yasavye ubuhungiro. Reta Zunze Ubumwe za Amerika itangaza ko yiyamirije uruhagarara n’ubwicanyi bibera muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo.
19:30 - 20:00
Amakuru ku Mugoroba
Uno munsi mu Rwanda ibirori ku rwego rw’igihugu vyabereye mu mujyi wa Kigali. Muri Uganda, kwibuka umusi wahariwe impunzi kw’isi vyabereye mu makambi atandukanye mu gihugu hose. Reta Zunze Ubumwe za Amerika itangaza ko yiyamirije uruhagarara n’ubwicanyi bibera muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo