Burundi Political Tension May 25 -26 2015
Uruhagarara rwa politike mu Burundi, hagati y’italiki 25 n’italiki 27 z’ukwezi kwa gatanu, umwaka w’2015

5
Umwe mu bari mu myiyerekano ariko akoresha itopito mu gihe we n’abandi bariko bagira imyiyerekano muri Komine Buyenzi, ku murwa mukuru w’Uburundi, Bujumbura, ku musi wa kabiri, italiki 26 z’ukwezi kwa gatanu, umwaka w’2015.

6
Abari mu myiyerekano bariko bazibira ibarabara muri Komine Buyenzi ku murwa mukuru w’Uburundi, Bujumbura, ku musi wa kabiri, italiki 26 z’ukwezi kwa gatanu, umwaka w’2015.

7
Igipolisi kiriko gihagarika imikangara iri mu myiyerekano, ku murwa mukuru w’Uburundi, Bujumbura, ku musi wa kabiri, italiki 26 z’ukwezi akwa gatanu, umwaka w’2015

8
Umwe mu mikangara yari mu myiyerekano yicaye mu kibanza c’inyuma mu modoka y’igipolisi inyuma yuko ahagaritswe muri Komine Buyenzi ku murwa mukuru w’Uburundi, Bujumbura, ku musi wa kabiri italiki 26 z’ukwezi kwa gatanu, umwaka w’2015.