Burundi Political Tension May 25 -26 2015
Uruhagarara rwa politike mu Burundi, hagati y’italiki 25 n’italiki 27 z’ukwezi kwa gatanu, umwaka w’2015

9
Abari mu myiyerekano bariko baturira ivyo bakoresheje mu kuzibira ibarabara muri Komine Buyenzi ku murwa mukuru w’Uburundi, Bujumbura, ku musi wa kabiri, italiki 26 z’ukwezi zkwa gatanu, umwaka w’2015.

10
Umwe mu bari mu myiyerekano yihishije mu maso afise imbugita iri ku giti, ariko atunga abapolisi muri Komine Buyenzi, ku murwa mukuru w’Uburundi, Bujumbura, ku musi wa kabiri, italiki 26 z’ukwezi kwa gatanu, umwaka w’2015.

11
Umwe mu bari mu myiyerekano ariko asuka amazi ku mbeya z’ivyazibiye amabarabara biriko birasha yari yashizeho hamwe n’abandi, igihe umuriro watangura kwaka hejuru y’intsinga zitanga umuyangankuba muri Komine Buyenzi ku murwa mukuru w’Uburundi, Bujumbura, ku musi wa kabiri, italiki 26 z’ukwezi kwa gatanu, umwaka w’2015.

12
Umwe mu bari mu myiyerekano yakomeretse igihe yariko ahigwa n’igipolisi, ariko afashwa n’abandi muri Komine Buyenzi, ku murwa mukuru w’Uburundi, Bujumbura, ku musi wa kabiri, italiki 26 z’ukwezi kwa gatanu, umwaka w’2015.