Prezida wa Amerika, Barack Obama, na Chanceliere w’igihugu c’Ubudagi, Angela Merkel, bagiye hamwe, ku vyerekeye igihugu c’Uburusiya, ku musi wa gatanu, mu kugabisha ibindi bihano, hamwe Uburusiya butofata intwambwe zikenewe, ku vyerekeye gutorera inyishu iciye mu biganiro, ibibazo biri mu gihugu ca Ukraine. Abo bategetsi babiri bahaye ikiganiro abamyenshamakuru, ku musi wa gatanu, mu biro vya prezida Obama, Maison Blanche.
Prezida Obama, yatangaje ko niyo Uburusiya bwabandanya guhungabanya ubuseruko bw’igihugu ca Ukraine, ngo Amerika, n’ishirahamwe ry’ibihugu vy’i Bulaya, bizokwihutira gufata izindi ngingo, harimwo ibihano ku vyerekeye diplomatie n’ubutunzi.
Chanceliere w’Ubudagi, Angela Merkel, avuga kw’ari ibintu Amerika n’Ubudagi bitokwifuje gukora, ngo yamara nta kundi biri bubigenze.
Avuga kw'ivyerekeye inzira Uburusiya buzofata, biva kuri ico gihugu.
Prezida Obama, avuga ko Reta y’’igihugu ca Ukraine yubahirije ivyo yiyemeje kurangura, ngw’Uburusiya bukeneye kubigenza nkuko.