gahunda y'itangazamakuru
Amakuru mu Gitondo
Mu Rwanda, sentare y’ibanze ya Rubavu yaraye iburanishije urubanza ku ngingo y’ifungwa n’ifungurwa ry’agateganyo ku bantu icenda barimwo abahoze ari batwara ibohero rya Rubavu. Ubutungane bw’Amerika bwipfuza gutangura gushengeza mu butungane, Hunter Biden, umuhungu wa Perezida Joe Biden.
Murisanga
Umunyarwandakazi Kalimpinya Queen yamenyekanye bwa mbere mu marushanwa ya nyampinga azwi nka ‘Miss Rwanda’ ubwo yabaga igisonga cya gatatu mu 2017. Kuri ubu ariko azwi nk’umunyarwandakazi wa mbere mu mateka ukina rally cyangwa umukino wo gusiganwa kw’imodoka. Ni we mutumire wacu wacu muri Murisanga.
Amakuru y'Akarere
Perezida Museveni atangaza ko mu myaka 2 ishize ingabo ze zimaze kwica abarwanyi ba ADF barenga 560. Mu rukiko rw’ibanze rwa Rubavu mu Rwanda, urubanza rw’iyicarubozo rurakomeza. VOA yavuganye n'uwakorewe iyicarubozo. Muri Kongo, abarundi barenga 5000 barasaba ubuhungiro muri teritware ya Uvira.
Amakuru ku Mugoroba
Mu rukiko rw’ibanze rwa Rubavu mu Rwanda, ubushinjacyaha burasabira abahoze ari abayobozi ba gereza na bagenzi babo gufungwa by’agateganyo mu minsi 30. Perezida Joe Biden w'Amerika yageze mu Buhindi mu nama ya G20 izatangira ejo. Uburusiya burakoresha amatora mu turere twa Ukraine bwigaruriye.