gahunda y'itangazamakuru
13:00 - 13:30
Iwanyu mu ntara
Amatora ya Amerika asigaje umunsi umwe. Abarundi bahungiye muri Kongo basaba uwuzotorwa gutorera inyishu intambara yo muri Kongo. Mu Burundi, abakenyezi b'abarimyi mu ntara ya Ruyigi bijukiye korora ibitungwa bito bito. Abanyagihugu bo mu karere ka Kamonyi mu Rwanda babangamiwe n'ubugizi bwa nabi.
16:00 - 16:59
19:30 - 19:59
Amakuru ku Mugoroba
Muri Leta zunze ubumwe z’Amerika, umunsi wa nyuma w’amatora ni ejo ku wa kabiri. Abazotora barenga barenga miliyoni 150. U Rwanda rugiye gutanga impusha ku mapikipiki atwara ingenzi akoresheje lisansi. Abahunze bava muri Leta ya El Gezira yo mu burasirazuba bwa Sudani bagiriza RSF urugomo.