gahunda y'itangazamakuru
05:30 - 06:00
Amakuru mu Gitondo
Ku mupaka wa Gatumba, Uburundi na Kongo haraye hatangujwe umugambi wo korosha ubucuruzi njabukambibe. Akanama ka ONU kemeje umugambi wo kugara burundu ibiro vya ONU vyari bimaze imyaka irenga 10 bifasha Somaliya mu vya politike. Amatora ya prezida muri Amerika asigaje iminsi itandatu gusa.
13:00 - 13:29
19:30 - 20:00
Amakuru ku Mugoroba
Uburundi bwakuyeho viza ku bava mu bihugu bigize COMESA. Mu Rwanda, abacungagereza barenga 110 bavuga ko bahagaritswe mu kazi batamenyeshejwe igihe bazogasubirizwamwo. Abahitanywe n’imyuzure muri Esipanye baba 100. Urukiko rukuru muri Kenya rwakuyeho itegeko ryabuzaga visi perezida mushya kurahira.