gahunda y'itangazamakuru
Iwanyu mu ntara
Kuri uyu wa kane Urugereko rwihariye rw’Urukiko Rukuru mu Rwanda rumaze gukatira madamu Yvonne Idamange Iryamugwiza imyaka 15 y'igifungo n'ihazabu ya miliyoni 2 z'Amafaranga rumuhamije ibyaha byose yari akurikiranyweho birimo ibyo guteza imvururu cyangwa imidugararo muri rubanda. Mu Burundi, abantu babiri bahitanywe na gerenade mu ijoro ryakeye ejo ku mutumba wa Vugizo, muri komine Mutimbuzi y’intara ya Bujumbura. Abandi bane barakomeretse. Urukiko rukuru rw’ubucuruzi i Kigali rurafata umwanzuro ku burujurire bwatanzwe n’umuryango wa Rwigara usaba ko cyamunara yo kugurisha Hotel yabo ihagarara.
Murisanga
Inyuma y’ibikorwa vy’inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu igira 76, Prezida w’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yarabonanye n’Abarundi baba muri Reta Zunze Ubumwe z'Amerika mu ndwi iheze. Ikiyago cashimikiye ku vyipfuzo vy’uko Abarundi bogira uruhara rukomeye kurushikiriza mu guteza imbere igihugu cabibarutse. Mbega Abarundi boba mu makungu bakiriye gute ako kamo? Ni mu kiganiro Murisanga c'uno munsi
Amakuru y'Akarere n'Ayagezweho kw'isi
Ingingo nkuru zigize amakuru yo ku mugoroba w'igenekerezo rya 30/9/2021 kw'Ijwi ry'Amerika: Imihangayiko ya rumwe mu rwaruka rwo mu Burundi, mu Rwanda na Kongo rubura amabanki abizera kugira baronke imitahe yo kwiteza imbere. Mu Rwanda, Madame Yvonne Idamange Iryamugwiza yakatiwe gufungwa imyaka 15. Kw'isi: Nicholas Sarkozy yahoze ari Prezida w'Ubufaransa yaciriwe umunyororo w'umwaka umwe. Muri Nijeriya, amashure yo muri Reta ya Kaduna yongeye gusubira gutangura.
Amakuru ku Mugoroba
Kuri uyu wa kane urugereko rwihariye rw’Urukiko Rukuru mu Rwanda rwahanishije madamu Yvonne Idamange Iryamugwiza gufungwa imyaka 15 n'ihazabu ya miliyoni 2. U Rwanda rwatangije umugambi wo gukangurira abanduye Virus itera SIDA gufata imiti neza. Mu Burundi hasojwe inama yahuzaga urubyiruko rwo mu bihugu birmo ibyo mu karere