gahunda y'itangazamakuru
Amakuru mu Gitondo
Reta y'u Rwanda itangaza ko inyama y’ingurube izokwiyongera ku bifungurwa vy’abanyeshule bagaburirwa kw’ishuli. Perezida Yoweri Museveni yashize umukono ku itegeko rihana abakorana imibonano basangiye igitsina. Mu Burundi mu ntara nyinshi z'igihugu haraheze ukwezi kurenga ata bitoro biboneka.
Amakuru y'Akarere
Uburusiya bwasohoye impapuro zo guhagarika umwe mu ba Senateri bakomeye wo muri Amerika Lindsey Graham. Mu Rwanda hatangujwe igikorwa co guhindura amafyigo ku bafise ikibazo cayo. Indege z’intambara za Ukraine zitagira abadereva zarashe i Moscow umurwa mukuru w'Uburusiya kuri uyu wa kabiri.
Amakuru ku Mugoroba
Sergey Lavrov, umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburusiya yagendeye Uburundi kuri uyu wa kabiri. Mu Rwanda, abaherutse gusinzikazwa n'ibiza mu karere ka Rubavu batabaza Reta ko batakiriko bahabwa ivyo gufungura. Ubushinwa bwanse icifuzo ca Amerika c'inama hagati y’abashikiranganji b'ivyo bihugu