gahunda y'itangazamakuru
Murisanga
Mu kiganiro “Murisanga” c’uyu musi turavuga ndwara ya kanseri mu Burundi. Benshi mu barwayi bayo baja kuyivuza imaze gukwiragira mu mubiri. Ivyo bikaba bitera ikibazo kubera bigorana kuvura umuntu ngo aheze akire. Twatumiye Dr. Negamiyimana Gustave yanonosoye ivyerekeye kuvura kanseri mu Burundi.
Amakuru y'Akarere
Muri Amerika, hasigaye iminsi itandatu ngo umunsi w’itora nyirizina ugere. Mu Burundi, abimuriwe muri site ya Matyazo, bahungishwa ingaruka z’imihindagurikire y’ibihe barataka imibereho mibi. Muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo, abaturage barasaba ko ingabo za Loni zitahuka. Burundi:
Amakuru ku Mugoroba
Uburundi na Kongo uno munsi vyatanguje umugambi wo korosha ubucuruzi njabukambibe. Akanama ka ONU kemeje umugambi wo kugara burundu ibiro vya ONU vyari bimaze imyaka irenga 10 bifasha Somaliya mu vya politike. Umugambwe BDP umaze imyaka 58 ku buetegetsi bwa Bostwana witeguriye kubugumana