gahunda y'itangazamakuru
Amakuru mu Gitondo
Impunzi z’abanyeshuri b’Abanyekongo zari mu nkambi y’agateganyo ya Nkamira mu Rwanda, zimuriwe mu nkambi ya Mahama.Tukivuga ku vy’impunzi, Tanzaniya yahevye umugambi wayo wo kwirukana ku nguvu impunzi z’Abarundi zitipfuza gutahuka. Oxfam isaba guca ubusumbane bukabije mu bantu no hagati y'ibihugu
Iwanyu mu ntara
Muri Kongo, abaturage bakurwa mu byabo n'intambara bakomeje kwiyongera. Mu Rwanda , abagore batuye mu murenge wa Ruhango mu karere ka Rutsiro bibumbiye muri koperative y’ubukolikoli kugirango bashobore kwiteza imbere.Abantu barenga 700 bamaze kugwa mu bitero Israeli yagabye muri Libani.
Murisanga
Ejobundi ku wa mbere uzaba ari umunsi mpuzamahanga ngarukamwaka wo kuzirikana indwara z’umutima n’ingamba zo kuzirandura. Abahanga muri izi ndwara bavuga ko ari zo za mbere zihitana abantu benshi kw’isi. Abenshi ni abo mu bihugu bikennye, cyane cyane muri Afrika yo munsi y’ubutayu bwa Sahara
Amakuru ku Mugoroba
U Rwanda rumaze gutangaza mu ko rwatewe n'indwara y'umuriro mwinshi ituruka kuri virusi yitwa Marburg.Turavuga no ku myigire n’imyigishirize ahitwa Kirwabatutsi muri Burera. Muri Sudani, intambara yongeye kwaduka ku murwa mukuru, Khartoum, mu gihe ibiharuro vy’abandura kolera biriko biraduga cane.