gahunda y'itangazamakuru
Amakuru mu Gitondo
Amashirahamwe yigenga arenga 40 akorera mu Burundi asaba kutongereza ikiringo c’intumwa idasanzwe ya ONU ijejwe ivy'agateka ka muntu mu Burundi. Donald Trump yipfuza kuburanira ku mugaragaro urubanza rwiwe rujanye na dosiye y’amatora yo mu 2020. Abategetsi muri Nijeri bipfuza kuganira n’Ubufaransa.
Iwanyu mu ntara
Profeseri Jean Bosco Harerimana wahoze akuriye ikigo cy’igihugu cy’amakoperative yitabye urukiko rw’ibanze rwa Nyarugenge, araregwa gutanga amasoko ya leta mu buryo bunyuranyije n’amategeko. Kwongerera igihe c'intumwa idasanzwe ya ONU ishinzwe uburenganzira bwa mwantu mu Burundi ntibivugwaho rumwe.
Murisanga
Mu kiganiro Murisanga, turagaruka ku mugambi w’urwego OPB rujejwe guhanurana hagati y'abamenyeshamakuru mu Burundi wo gusubira gukora inyuma y’imyaka irenga umunani ibikorwa vyarwo vyarahagaze. Umutumire, aravuga ibintu bihora bituma haba ukutumvikana hagati y’abamenyeshamakuru n’abategetsi.
Amakuru y'Akarere
Igisirikari cya Leta muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo kivuga ko cyatanguye imyiteguro yo kugaba ibitero simusiga kuri M23. Ambasaderi w’Ubufaransa muri Nijeri yatahutse. Uburusiya bwagiriza Amerika n’Ubwongereza kuba inyuma y’igitero buvuga ko Ukraine yagavye mu ntara ya Krimeya.
Amakuru ku Mugoroba
Ingabo za reta ya Republika ya demokarasi ya Kongo zemeza ko ziri mu myiteguro ya nyuma yo kugaba ibitero simusiga kuri M23. Ubutungane bwa New York bwemeje ko Donald Trump yakoze ivyaha vya magendu. Ambasaderi w’Ubufaransa muri Nijeri yatahutse inyuma yo kwirukanwa muri ico gihugu akanka kuhava.