gahunda y'itangazamakuru
Amakuru mu Gitondo
Mu Bwongereza guverinoma itangaza ko kohereza abimukira mu Rwanda bihenze kurusha kubagumana. Abatuye umujyi wa Goma muri RDC batangiye kugarizwa n’indwara kubera kubura amazi meza. Leta ya Kenya yasubije muri Uganda impunzi z’Abarundi zari zarahungiyeyo kubera igabanuka ry’imfashanyo ya HCR.
Iwanyu mu ntara
Yevgeny Prigozhin ukuriye umutwe wa Wagner ejo ku wa mbere yongeye kugaragara yo gukozanyako n’ingabo z’Uburusiya. Ubwongereza buvuga ko kohereza abimukira mu Rwanda bihenze cyane kurusha kubagumana. Mu karere ka Rubavu hari imibiri isaga 10 imaze imyaka itanu ibonetse ikomeje guteza urujijo.
Amakuru y'Akarere
Urwego rw’igihugu rujejwe umutekano mu Burusiya rwatangaje ko ruhagaritse itohoza kuri Yevgeny Prigozhin n’abarwanyi b’abacangero bo mu murwi wa Wagner. Ishami rya ONU ryitaho impunzi HCR, ryagabishije ko intambara muri Sudani ishobora gutuma abantu bajabuka imipaka bahunga barenga umumiliyoni.
Amakuru ku Mugoroba
Ishirahamwe mpuzamakungu PAM, riheruka kugabanya imfungurwa riha impunzi ziba mu Burundi. Umutekano muke muri Sudani wahungabanije abiteguriye ikiruhuko ca Eid al-Adha. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Ubudagi, Annalena Baerbock, yasavye Uburusiya guhagarika ibitero vy'amabombe muri Ukraine.