gahunda y'itangazamakuru
Amakuru mu Gitondo
Bamwe mu barundi bahungiye mw’ikambi ya Nakivale iri muri Uganda bavuye muri Kenya bipfuza gutahukanwa mu gihugu cabo c’amavuko. Mu Burundi, Prezida w’ico gihugu aragabisha inyuma y’amakuru yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko hari abafise umugambi wo guhirika ubutegetsi bwiwe.
Iwanyu mu ntara
Imiryango 40 y’Impuzi z'Abarundi zari zarahungiye muri Kenya, iri mu mkambi ya Nakivale muri Uganda, isaba gusubizwa mu Burundi. Mu Rwanda Denis Kazungu ukurikirwanyweho kwica abantu 14 biganjemo abakobwa aramenya kuri uyu wa kabiri niba afungurwa cyange se akomeza gufungwa by’agateganyo.
Murisanga
Abapfakazi kw’isi baragira ingorane zitandukanye harimwo izifatiye ku kubura uburyo, ukunyarwa ibisigi vy’abagabo babo, ukwirukanwa, ugukumirwa, ukutamenya amategeko, imico n’akaranga, n’ibindi. Muri iki kiganiro Murisanga Mandrine Tusingwire Mando, yanditse igitabo "Greatful Widow" niwe mutumire.
Amakuru y'Akarere
Bamwe mu barundi bahungiye mw’ikambi ya Nakivale bipfuza gutahukanwa mu gihugu cabo c’amavuko. Mu Rwanda, ubutungane bwategetse ko uwitwa Kazungu Denis yagirizwa kwica barenga 10 aba arapfunzwe imisi 30 y’agategekanyo. Uburusiya bwashize Perezida wa CPI ku rutonde rw'abantu baronderwa.
Amakuru ku Mugoroba
Amashirahamwe yigenga arenga 40 akorera mu gihugu c’Uburundi asaba kutongereza ikiringo c’intumwa idasanzwe ya ONU muvy'agateka ka muntu muri ico gihugu. Mu Rwanda, Denis Kazungu agiye gufungwa imisi 30, imbere y’uko urubanza rwiwe ruburanishwa mu mizi. Uburusiya burarondeza Perezida wa CPI