gahunda y'itangazamakuru
Amakuru mu Gitondo
Mu Rwanda abantu bakomeje kwinubira ibura ry’ibinyabiziga bitwara abagenzi. Ejo ku itariki ya 25 z’ukwezi kwa gatanu, umugabane wa Afrika wahimbaje imyaka 60 iheze hashinzwe ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, OUA. Ukraine yasabye ibihugu by’Afurika kuyishyigikira mu ntambara yashowemo n'Uburusiya.
Murisanga
Mu kiganiro, “Murisanga” c’uyu musi turavuga ku musi wahariwe Afrika wahimbajwe ejo ku musi wa kane mu gihe Afrika yibuka imyaka 60 irangiye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, OUA ,ryahindutse Afrika yunze ubumwe mu nyuma yaho, AU. Turaza kuvuga ku vyaranguwe n’ibitashoboye kurangurwa muri iyo myaka
Amakuru y'Akarere
Leta y’Uburundi isaba abarimyi kwitabira umugambi wo kurima ku misosi mu gihe cy’impeshyi no kuvomerera ibiterwa. Muri Somaliya, Al Shabab yagavye igitero ku basirikare b’umuryango w’ubumwe bwa Afurika. Muri Ukraine, igitero ca misile kw’ivuriro ry’abasivile cahitanye umuntu umwe gikomeretsa 15.
Amakuru ku Mugoroba
Umunyarwanda Fulgence Kayishema yarengutse imbere y’ubutungane bwa Afurika y’Epfo. Uburundi buheruka guhagarika amakoperative yimba ubutare arenga 15 yo mu ntara ya Cibitoke. Abatakaje ubuzi bavuga ko babayeho nabi. Guhera mu kwezi kwa cumi, Amerika izoba ifise umukuru wa Gisirikare mushasha.