Amakuru mu Gitondo (0330-0400 UTC): Impunzi z’abarundi n’abanyarwanda zituye mu mugi wa Goma, mu karere ka Nyiragongo no hafi yaho zirasaba ko ibiro bya HCR bifunga. Irani Ivuga ko kwumvikana ku gusubira mu masezerano ya Nikereyeri yo mu 2015 n’ibihugu rutura bisa n’ivyarangiye.
Iwanyu mu Ntara (1100-1130UTC): Ni ikiganiro c’umwihariko, gishimikira ku makuru avugwa mu ntara zitandukanye z’Uburundi n’u Rwanda, kidasize inyuma ayavugwa mu makambi yahungiyemwo impunzi z’Abarundi muri Afurika y’ibiyaga binini n’Afurika y’ubuseruko.
Murisanga (1400-1500 UTC): Murisanga itumira umutumirwa, cyangwa abatumirwa kugirango baganire n'abakunzi ba Radiyo Ijwi ry'Amerika. Aha duha ijambo abantu bifuza kuganira n'abatumirwa bacu, batanga ibisobanuro ku bibazo binyuranye bireba ubuzima bw'abantu.
Bamwe mu barokotse umuvundo wahitanye umuntu umwe ugakomeretsa abandi 37 mu bikorwa byo kwiyamamaza ku Gisenyi baravuga uko byagenze. Amatohoza yakozwe mu Burundi yerekana ko abana batagejeje ku myaka itandatu bakoreshwa imirimo ivunanye.
Burundi: Abasirikare Banse kuja Kurwana muri Kongo Baciriwe Umunyororo uri Hagati y'Imyaka 20 na 30. Muri Kenya, abantu batanu bari mu myiyerekano bahitanywe n'amasasu ya polisi. HRW isaba Mali kurekura abapfunzwe Bazira gusaba ko ubutegetsi busubizwa abasivile.