Ishami rya ONU ryitaho ibiribwa kw’isi riheruka kugabanya ica kabiri c’ibifungurwa riha impunzi zo mw’ikambi y’i Nyankanda iri muri komine ya Butezi y’intara ya Ruyigi mu Burundi. Muri RDC, havugwa impungenge ku matora rusangi azoba muri ico gihugu mu mwaka uza.
Ikiganiro Dusangire Ijambo kiragaruka ku kuntu vyifashe mu makambi y'impunzi mu karere k'ibiyaga binini vya Afrika. Ni mu gihe kw'itariki ya 20 z'ukwezi kwa gatandatu amakungu yahimbaza umusi mukuru wahariwe impunzi
Ikiganiro Agasaro kaburaga gisimbura Murisanga gihariwe abana batandukanye n'ababyeyi babo bari mu Rwanda mu 1994 abandi batandukanira mu mashamba y'icyahoze ari Zaire. Umwe muri abo bana ni Uwamahoro Claudine yahujwe n'umuryango we nyuma y'imyaka 29 batandukanye.
Pasiteri Theogene Niyonshuti wo mu itorero ADEPR mu Rwanda yaraye yitabye Imana azize impanuka y’imodoka i Kabale muri Uganda. Bamwe na bamwe mu baba mu buhungiro muri Uganda ntibabashije kwizihiza umunsi mpuzamahanga w’impunzi wabaye ku wa kabiri w’iki cyumweru