gahunda y'itangazamakuru
Amakuru mu Gitondo
Inama y’abategetsi ba Brics irabandanya, iza kurangira uno musi ku wa kane. Indege ikekwa kuba yarimwo umukuru wa w'abacangero b'Abarusiya, Yevgeny Prigozhin yarasandavye ihitana abarimwo 10 bose. Muri Isirayeli abantu isinzi baragize imyiyerekano yo kwiyamiriza ihindurwa ry'inzego z’ubutungane.
Iwanyu mu ntara
Perezida w’u Rwanda yihanangirije urubyiruko kudatakaza umwanya mu ngendo nyobokamana zidafututse. Mu Burundi, mu ntara ya Cibitoke haravugwa umutekano muke. Ibihugu 6 byemerewe kwinjira mu muryango wa BRICS: Ni Misiri, Etiyopiya, Arabiya Sawudite, Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu , Irani na Argentine.
Amakuru ku Mugoroba
Mu Rwanda umuryango w’uwitwa Venansiya Nirere uratabaza umuhisi n’umugenzi ku burwayi bwe bukomoka ku miti yahawe bibeshya ko arwaye SIDA. Banki nkuru y’Uburundi yategetse ko amafranga yose ari ku makonti ya Alain Guillaume Bunyoni afatirwa. Umuryango BRICS wemeye kwakira ibihugu bishya bitandatu.