Amakuru mu Gitondo (0330-0400 UTC): Impunzi z’abarundi n’abanyarwanda zituye mu mugi wa Goma, mu karere ka Nyiragongo no hafi yaho zirasaba ko ibiro bya HCR bifunga. Irani Ivuga ko kwumvikana ku gusubira mu masezerano ya Nikereyeri yo mu 2015 n’ibihugu rutura bisa n’ivyarangiye.
Mu Burundi, abavunjayi basaba reta guhagarika " Kubahohotera". Hapfunzwe abarenga 15. Kamala Harris yaraye ashikirije ijambo inyuma yaho Joe Biden avuze ko ashaka ko ari we amusubirira nka kandida w'abarepublikane.
Murisanga (1400-1500 UTC): Murisanga itumira umutumirwa, cyangwa abatumirwa kugirango baganire n'abakunzi ba Radiyo Ijwi ry'Amerika. Aha duha ijambo abantu bifuza kuganira n'abatumirwa bacu, batanga ibisobanuro ku bibazo binyuranye bireba ubuzima bw'abantu.
Amakuru y'Akarere (1600-1630 UTC): Amakuru atambuka i saa kumi n'ebyeri ku mugoroba mu Rwanda no mu Burundi. Akenshi, aya makuru yibanda ku karere k'ibiyaga bigari n'Afurika y'uburasirazuba.
Inzego z’umutekano muri Uganda zagerageje kuburizamwo imyiyerekano y’isinzi ry’urwaruka rwiyamiriza ibiturire. Muri Kenya absahigikiye Prezida William Ruto n'abatamushigikiye batanye mu mitwe. Uwujejwe urwego rukingira abategetsi bakuru ba Amerika yeguye.