gahunda y'itangazamakuru
Amakuru mu Gitondo
Impunzi zo mw’ikambi ya Bulengo mu buseruko bwa Kongo zivuga ko atacahindutse mu buzima bwazo kuva aho zatanguye ubuzima bw’impunzi. Abaserukira impunzi z'Abarundi mu bihugu vy'akarere bahungiyemwo basaba Reta y’Uburundi kurekura impfungwa za politike, no kuganira n'impunzi kugira zitahuke.
Amakuru y'Akarere
Abanyagihugu bo mu ntara zitandukanye mu Burundi, baridoga ko bataronka inoti nshasha z'ibihumbi 10 n'ibihumbi 5. Ubufaransa bwasavye ko u Rwanda ruhagarika gushigikira abarwanyi b’umuhari M23. Muri Sudani, igihe c’ihagarikwa ry’ingwano ry’amasaha 72, ryarangiye uyu musi kuwa gatatu.
Amakuru ku Mugoroba
Perezida Hakainde Hichilema wa Zambiya na Perezida Paul Kagame bemeza ko Afurika irimo iratera intambwe. Muri Uganda igisirikare cyatabaye abana 3 muri 6 baheruka gushimutwa n’abarwanyi ba kiyisilamu. Abategetsi b'Uburusiya batangaje ko bahanuye indege eshatu z’igisirikare cya Ukraine.