gahunda y'itangazamakuru
16:00 - 16:59
Murisanga
Igenekerzo rya 24 uku kwezi kwa cumi, ishirahamwe mpuzamakungu ONU rizoba rikwije imyaka 78 rimaze ritanguye gukora. Ibikorwa nyamukuru vya ONU ni ivyahe? Rikora gute? Twatumiye Ambasaderi Tharcisse Ntakibirora, yigeze guserukira Uburundi muri ONU kugira adusigurire ibitandukanye vyega ONU.
19:30 - 19:59
Amakuru ku Mugoroba
Muri Kongo, Koloneli Mike Mikombe Mikombe yakatiwe urwo gupfa mu rukiko rwa gisirikare i Goma. Ingabo za FARDC n'inyeshyamba za M23 baraterana amagambo. Abategetsi b'abasirikare muri Nijeri baremeye ko Alijeriya yaba umuhuza mu gutorera inyishu ibibazo biraje ishinga abanyagihugu.