gahunda y'itangazamakuru
Murisanga
Kwisiramuza ni umugenzo umaze gukwiragira kw’isi kandi uhurumbirwa na benshi. Muri Afrika abagabo barenga 60% mu madini nk’iry’abayisilamu, barisiramuje, nk’uko biri mu vyegeranyo vy’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu, OMS. Muri Murisanga y'uno munsi, turagaruka kuri uwo mugenzo
Amakuru y'Akarere
Umushikiranganji ajejwe umutekano mu Burundi aremeza ko Alain Guillaume Bunyoni atawuzi irengero ryiwe. Inama ihuje bamwe mu bayobozi b' Angilikani, yatangaje ko bitandukanije na Justin welby, Arikiyepisikopi wa Diyosezi ya Canterbury. Impande 2 Zirwanira Ubutegetsi Zirabandanya Gutana mu Mitwe
Amakuru ku Mugoroba
Uburundi buremeza ko atawuzi irengero rya Alain Guillaume Bunyoni. Mu Rwanda bamwe mu bayobozi b'Angilikani, bitandukanije na Justin welby, Arikiyepisikopi wa Diyosezi ya Canterbury mu Bwongereza. ONU yatangaje ko mu kwezi kwa 6 Ubuhinde buzoba ari igihugu ca mbere kibamwo abantu benshi kw'isi.