gahunda y'itangazamakuru
Amakuru mu Gitondo
Abajejwe umutekano mu Rwanda bemeza ko abasirikare bikekwa ko ari aba Kongo binjiye ku butaka bwabo biba inka z’abanyagihugu. Abakobwa b’abarundikazi bahunze batwara inda batarakwiza imyaka yo kubaka babandanya kwiyongera. Amerika yatangaje umuntu wa mbere yanduye ibihara vy’inkende.
Iwanyu mu ntara
Prezida w’u Rwanda Paul Kagame yamaganye ubwicanyi bukomeje kwibasira abarokotse jenoside yakorewe Abatutsi, nyuma y’imyaka 30. Mu Burundi, abimuriwe muri Site Martyazo kubera imyuzure ya Tanganyinka bavuga ko badafite ako bekika umusaya. Amerika yatangaje umuntu wa mbere yanduye ibihara vy'inkende
Murisanga
Tugaruka ku buhinga bita S.W.O.T ANALYSIS, bufasha abashaka gutangura ibikorwa vy’ubugwizatunga. Turagaruka ku twigoro twibonekeza mu rwaruka ruhejeje amashure two gutangura ibikorwa vyo kwikorera hamwe no kugwiza itunga, bitewe n’uko benshi mu barangije kaminuza, batoroherwa mu guca baronka akazi.