gahunda y'itangazamakuru
Amakuru mu Gitondo
Uburundi bufise ikibazo c'abana baja gucuruzwa muri Tanzaniya. HRW yagiriza u Rwanda guhohotera abanyororo. Amerika yategetse Isirayeri gutanga agahengwe muri Gaza bitagenze uko, igabisha ko Isirayeri izotakaza imfashanyo zose za gisirikare iha ico gihugu kibandanya kurwana n’umurwi wa Hamas.
Murisanga
OMS ivuga ko ibice 15% vy’abakozi bo kw'isi bafise ibibazo bishingiye ku magara yo mu mutwe baterwa n’ubuzima bubi bakoreramwo mu buzi bwabo. Diane Nininahazwe arabigarukako mu kiganiro yatumiyemwo Christophe Armel Arakazandoruwanka, yanonosoye inyifato y’amagara yo mu mutwe n'imibereho y'abantu.
Amakuru ku Mugoroba
Muri Nijeriya abantu 147 baguye mu mpanuka y’ikamyo yari itwaye peteroli. Perezida Kagame w'u Rwanda arasaba Abanyarwanda kwirinda ‘umwiryane’. Byari mu mihano yo gusezera kuri Koloneli Karemera. Sena ya Kenya irasuzuma niba Visi Perezida Rigathi Gachagua agomba kwirukanwea ku mwanya we.