gahunda y'itangazamakuru
Amakuru mu Gitondo
Mu Burundi abantu barindwi baguye mu mpanuka y’ubwato mu kiyaga cya Tanganyika. Guhera kuri uyu wa mbere imirimo y’uburobyi mu kiyaga cya Tanganyika ntiyemewe mu giye cy’amezi atatu. Abari batuye mu mudugudu wa Kibiraro, i Nyarutarama mu mujyi wa Kigali, barasaba ubutegetsi kubarenganura.
Iwanyu mu ntara
Mu Rwanda, abaganga b’indwara zo mu mutwe bemeje ko Aimable Karasira Uzaramba afite uburwayi bwo ku rwego rwo hejuru. Muri Uganda, abatwara ibintu n’abantu bongereye ibiciro nyuma y’isenyuka ry’Iteme rya Katonga. Guhera kuri uyu wa mbere imirimo y’uburobyi mu kiyaga cya Tanganyika ntiyemewe.
Amakuru y'Akarere
Mu Burundi, abakenyezi baratinya ingaruka z’imiti yo gutandukanya imvyaro. Mu Rwanda, Aimable Karasira Uzaramba yasubiye gusabirwa ibitaro bimwitaho vy’umwihariko ku burwayi bwiwe bwo mu mutwe. Incuro ya kabiri y’amatora ya perezida muri Turukiya izoba kw’itariki ya 28 y’uku kwezi kwa gatanu.
Amakuru ku Mugoroba
Reta y'Uburundi isaba amashirahamwe gukura abakozi bayo bahoze bakorera reta bakirukanwa kubera amakosa y'akazi. Ikigo kijejwe amabarabara n’ibiraro muri Uganda catangaje ko gusana ikiraro ca Katongo bizomara indwi zitatu. Kenya na Somaliya bafashe icemezo co kwugurura imbibe zavyo zari zugaye.