gahunda y'itangazamakuru
Amakuru mu Gitondo
Mu Rwanda, inkambi zari zicumbikiwemo abahuye n’ibiza by’imvura nyinshi yateye imyuzure mu kwezi gushize zose zimaze gusenywa. Umuryango, HRW urashinja abarwanyi ba M23. Naho hano muri Amerika Donald Trump arahakana ivyaha yagirizwa vyo kuba yaratwaye amabanga akomeye y'igihugu mu rugo iwe.
Iwanyu mu ntara
Umuryango, HRW, urashinja abarwanyi ba M23 ibyaha bitandukanye birimo ibyo mu ntambara ku baturage bo mu burasirazuba bwa Kongo. Abantu barenga 100 barohamye mu mpanuka y’ubwato ku ruzi rwa Nigermuri Nigeria. Donald J. Trump wahoze ari Prezida wa Amerika yarahakanye ibyaha byose 37 aregwa.
Amakuru y'Akarere
Patrick Muyaya, Ministri w’itangazamakuru muri Republika ya Demukarasi ya Kongo, yavuze ko ingabo za MONUSCO zizataha mu mezi atandatu. Abana barenga gato 1,300 mu nkambi za Nduta na Nyarugusu bugarijwe n’indwara ziterwa no gufungura nabi. Abantu 15 bitabye Imana mu mpanuka y’imodoka muri Mali.
Amakuru ku Mugoroba
Ibibazo birabandanya mw’ishyaka, CNL, nyuma y’aho leta y’Uburundi ihagarikiye ibikorwa vy’iryo shyaka ritavuga rumwe n’ubutegetsi. Musenyeri Lawurent Mbanda abangilikani mu Rwanda, aravuga ko umuyobozi w’itorero ry’abangikikani mu bwongereza atagifite ububasha bwo kugira amabwiriza atanga