gahunda y'itangazamakuru
16:00 - 17:00
Murisanga
Inyuma y’imisi 8 nyamugigima ibaye muri Turukiya na Siriya abatabara babandanya gutora abagihumeka. Uburundi buheruka kurungika abaja gusahiriza muri ivyo bikorwa. Muri Murisanga y'uno munsi, Diane Nininahazwe yatumiye Ambasaderi, Gerard Bikebako, aserukira Uburundi muri Turukiya.
Presenter:
18:00 - 18:29
19:30 - 20:00
Amakuru ku Mugoroba
Urwego rwasigariyeho kurangiza imanza zasizwe n’inkiko mpuzamahanga rwasubukuye urubanza rw’umunyemari Kabuga Felisiyani uregwa ibyaha bya Jenoside. Urukiko rwo mu Rwanda rwatangiye kumva abahoze mu mutwe wa FDLR. Muri Kivu y’Epfo abaturage bigaragambije basaba ko ingabo za EAC Zitaha. .