gahunda y'itangazamakuru
Iwanyu mu ntara
Irushanwa rya "Basketball Africa League" itangura kuri uwu wa gatandatu. Mu Burundi, umuyobozi w’ishuri rifite umubare w’abanyeshuri b’abigeme ugera kuri 6O% yahawe ishimwe ryo guteza imbere abakenyezi n'abigeme. Mu Rwanda, CICR irimo guhuza abana 150 batandukanye n’imiryango yabo muri Kongo.
Amakuru y'Akarere
Uganda ikomeje kwakira impunzi z’Abanyekongo bahunga intambara mu ntara ya Kivu ya ruguru nubwo uwo umubare w’abahunga wagabanutse. HCR ihanganyikishijwe n’ubushyamirane bw’ingabo za Kongo n’imitwe yitwaje intwaro. Mu Bushinwa, inteko ishinga amategeko yatoreye Xi Jinping manda ya gatatu.
Amakuru ku Mugoroba
U Rwanda rwasinyiye kwakira icicaro c’ikigega c’isoko rusangi rya Afrika. Muri Kongo, abanyagihugu baba hafi y’igisagara ca Sake babandanya guhunga intambara bagana mu gisagara ca Goma. Ubufaransa n’Ubwongereza vyumvikanye ku masezerano arimwo miliyoni 577 y’amadolari mu bijanye n’abimukira.