Inama idasanzwe y'abakuru b'ibihugu vya EAC yongeye amezi 6 ingabo z'uwo muryango muri icyo gihugu. Muri Afurika y’Epfo abaministri b’ububanyi n’amahanga b'Uburusiya n'Ubushinwa barahura, kuri uyu wa kane, na bagenzi babo bo mu muryango BRICS.
Ingabo za EAC ziri kugarura amahoro mu buseruko bwa Kongo zongewe ayandi mezi atandatu. Umunyarwanda Hategekimana Filipo aregwa ivyaha vya jenoside araburanishirizwa mu Bufaransa.
Mu kiganiro, ‘Murisanga”, turavuga ku gikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru c’uyu mwaka w’i 2023, ku rwego rw’abapfasoni. Kizobera muri Australia na Nouvelle-Zelande, kuva kw’italiki 20 y’ukwezi kw’indwi gushika kw’italiki 20 y’ukwezi kw’umunani.
Muri Kongo, abanyagihugu bo muri teritware ya Nyiragongo batekewe n’ubwoba bwa M23 yikusanya mu gutera igisagara ca Goma. Aha muri Amerika, Mike Pence, yahoze ari visi-perezida arategura kwinjira mu matora y'umukuru w'igihugu.
Abepiskopi katorika bu mu Rwanda, Uburundi na Kongo bagendeye inkambi ya Kavimvira irimwo impunzi z'Abarundi. Perezida wa Uganda yongeye kwerekana ko ashigikiye isinywa ry’itegeko rihana abatinganyi. Amerika yafatiye ibihano bamwe mu bategetsi ba leta ya Sudani n'abarwana nayo.