Amwe mu Mafoto y'Uko Vyifashe i Goma n'i Kinshasa muri Kongo

Bamwe mu banyagihugu bateye ambasade y'u Rwanda i Kinshasa, n'abandi bariko bararorera.  Hambavu ya ambasade y'u Rwanda yatewe n'abiyamiriza intambara yo muri Kongo, izindi zatewe ni y'Amerika, iy'Ubufaransa, iy'Ububirigi iy'Ubuhorandi, n'ibiro vya ONU.

Abiyerekana bariko basakirana na polisi igihe batera ubuserukizi bw'Ubufaransa i Kinshasa.

Bamwe mu banyagihugu bakoeze imyiyerekano yo kwiyamiriza intambara muri Kongo. Aha, ni I Kinshasa.

Umwe mu bakoreye imyiyerekano i Kinshasa.

Kuri ino foto, hariko ibiziga vy'abasirikare ba Kongo, biri mw'iibarabara ry'igisagara ca Goma.n'abanyagihugu barengana baca muri iryo barabara.

Bamwe mu banyagihugu bo muri Kongo bari mu bahungiye mw'ikambi y'agategekanyo ya Rugerero iri i Gisenyi, mu Rwanda. U Rwanda rwavuze ko abo rumaze kwakira muri iyo kambi bagera ku 1200.
 

Umusirikare w'u Rwanda ariko asaka bamwe mu bahungiye ku butaka bwarwo. Mu bariko barasakwa, harimwo abahora batwara amamodoka ya ONU n'abasivile b'abakongomani.

Umupfasoni w'Umunyekongo, yikoreye akamatera yahunganye, anahetse n'umwana. Uwu, ari mu bahungiye mu Rwanda. 

Abasivile bariko barahunga. Ino foto, yafatiwe mu micungararo y'ikambi y'imfatakibanza ya Rugerero i Gisenyi.

Abanyagihugu ba Kongo bahungiye mw'ikambi y'agategekanyo ya Rugerero iri mu micungararo y'I Gisenyi mu Rubavu.

Abandi banyagihugu bahungiye mu Rwanda.

Bamwe mu basirikare ba Kongo bishikanye mu Rwanda. Aha, bari mu kigo citwa Vision Jeunesse Nouvelle kiri i Gisenyi.

Umwe mu barwanyi ba M23 ari kumwe n'abanyagihug i Goma.

Bamwe mu banyagihugu biruka, inyuma yo kwumva ko M23 ari yo igenzura Goma. 

Umwe mu banyagihugu ariko arahunga

Abandi banyagihugu b'i Goma bariko barahunga

Imodoka y'intambara y'ingabo za ONU muri Kongo iri mu zaturiwe

Bamwe mu barwanyi, bariko bakizura igisagara ca Goma kuri uno wa kabiri.