Abanyagihugu bo muri Republika ya demokarasi ya Kongo bari mu matora rusangi. Abiyandikishije ngo bazotore bagera ku miriyoni 44. Ibitigiri vy'abatoye ntibaramenyekana kuko hari abakibandanya gutora. Tumwe mu tunenge twibonekeje ahatandukanye, turimwo ikena ry’ibikoresho birimwo imashini z’itora. Abakandida bitoza mu mwanya wa prezida ni 18, barimwo Prezida Félix-Antoine Tshisekedi Tshilombo, ariko arondera manda ya kabiri.
Amwe mu Mafoto y'Amatora Rusangi muri Kongo

9
Umwe mu banyagihugu batoreye mu gisagara ca Goma kiri mu ntara ya Kivu ya ruguru.

10
Bamwe mu banyagihugu batonze umurongo barindiriye gutora.

11
Abanyagihugu b'i Kinshasa banigana bashaka kwinjira gutwara. Bakikujwe n'abajejwe umutekano bari bakwiragijwe ahatorewe hose.

12
Umukurambere agira atore.